Uko wahagera

Uruhagarara Hagati ya Polisi n'Abanyagihugu muri Kenya


Abapolisi bahunga ibyotsi biryana mu maso ubwo bari bahanganye n'abayoboke ba Raila Odinga mu gace k'ahitwa Kibera. Ni mu nkengero za Nairobi
Abapolisi bahunga ibyotsi biryana mu maso ubwo bari bahanganye n'abayoboke ba Raila Odinga mu gace k'ahitwa Kibera. Ni mu nkengero za Nairobi

Inyuma y’umusi umwe amatora y’umukuru w’igihugu asubiwemwo ubwa kabiri mu gihugu ca Kenya, imyiyerekano y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi irabandanya. Mu gatondo k’uno wa gatanu, umuntu umwe yasize ubuzima muyazindutse irabera ahitwa “Bungoma”, mu burengerazuba bwa kenya.

Amakuru atangwa ku rupfu rw’uwo yitavye Imana uno musi, aratandukanye: Abajejwe umutekano bemeza ko uwo yishwe, yarashwe igihe yariko agerageza kwaka inkoho umu polisi. Ni mugihe abari muriyo bemeza ko yahitanywe n’amasasu yamijaguwe mu bariko bakora iyo myiyerekano.

Amakuru atangwa n’ibitaro biriko bivurirwamwo abakomerekeye mu myiyerekano kuva ejo, yemeza ko abamaze gukomereka bagera kuri 46, babiri nabo bakaba bamaze kuhasiga ubuzima. Muri abo babiri, harimwo uwo yishwe uno musi, n’umwe yari yakomeretse ku musi w’ejo.

Wafula Chebukati, aramutswa umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Kenya, yatangaje ko aho abanyagihugu batashoboye gutora, kubera utuzu tutuguruwe ku mvo z’umutekano, bazotora kuri uno wa gatandatu. Yamara, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya, bahamagarira abanywanyi b’imigambwe yabo kudahirahira ngo begere ahazobera ayo matora kubw’umutekano wabo. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Musalia Mudavadi umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya yagize ati: "Ntidushaka ko barwa mu mitego”.

Hagati aho, umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Kenya, umenyesha ko, abanyagihugu bababa 6.500.000, ari bo bitabiriye amatora agira kabiri yabaye kuri uno kane. Ni ukuvuga ica gatatu c’abari biyandikishije kuzotora.

Ayo matora agira kabiri yabaye inyuma yaho sentare nkuru y’igihugu igwirije n’ubusa ayari yabaye kw’igenekerezo rya munani, ukwezi kwa munani nyene uno mwaka wa 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG