Uko wahagera

Uburundi ni Igihugu ca Mbere Kivavanuye na CPI


Perezida Pierre Nkurunziza w'Uburundi
Perezida Pierre Nkurunziza w'Uburundi

Uburundi bubaye igihugu ca mbere kw’isi kivuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI. Uburundi bumaze umwaka butangaje uwo mugambi, buvuga ko iyo sentare ikurikirana cane abategetsi bo ku mugabane w’Afurika.

Ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International ntiryatevye kugira ico rishikirije, rivuga ko kuba Uburundi buvuyemwo bidasigura ko buronse uburenganzira bwo kudahagarika uguhohotera uburenganzira bw’ikiremwa muntu, canke budakwiye guhindura ingendo yo kudahana ku rwego rw’igihugu.

Amnesty International ivuga ko CPI ishobora kubandanya amatohoza y’ibanze naho Uburundi buvavanuye no gukorana nayo. Amnesty ivuga kandi ko naho reta ya Perezida Pierre Nkurunziza itazokorana na CPI, iyo sentare ifise inzira n’uburyo bwo gutohoza no gukurikirana ivyaha vyakozwe.

Uburundi bwinjiye mu mvururu za poritike zavuyemwo ubwicanyi inyuma y’aho Pierre Nkurunziza atangarije ko ashobora kwitoreza iyindi manda ya gatatu mu mwaka wa 2015. Bamwe bamwagirije ko yaciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro mu kurenza ibiringo bibiri.

Nkurunziza yayavuye atsinda amatora atitabwe n’abatavugarumwe nawe, bituma igihugu cinjira mu mvururu zatumye Abarundi barenga ibihumbi 420 bahungira mu bihugu bibanyi vya Tanzaniya, u Rwanda, Ubuganda hamwe na Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG