Uko wahagera

Ibihano Kuri Koreya ya Ruguru Bizosinzikaza Umunyagihugu Muto


Intumwa idasanzwe ya ONU muri Koreya ya Ruguru
Intumwa idasanzwe ya ONU muri Koreya ya Ruguru

Intumwa idasanzwe ya ONU ku burenganzira bwa kiremwa muntu muri Koreya ya ruguru yagabishije kur’uyu wa kane ko ibihano amakungu yafatiye ico gihugu bishobora gusinzikaza uburenganzira bwa muntu muri co.

Tomas Ojea Quintana avuga ko ivyo bihano bizogira ingaruka mbi ku butunzi bwa Koreya ya ruguru ariko kandi bizotandukira no ku buzima bwa kiremwa muntu.

Ashikiriza raporo y’umwaka ku burenganzira bwa muntu muri Koreya ya ruguru, yasavye ONU gusubira inyuma ikaraba ibihano yafatiye ubutegetsi bw’ico gihugu ntibitandukira umunyagihugu muto ataco azira.

Quintana yavuze kandi ko amashirahamwe atanga imfashanyo ku banyagihugu atariko aroroherwa mu bikorwa vyayo kuko ahura n’ingorane z’aho acisha uburyo bw’amafaranga.

Mwibuka ko inama ya ONU ijejwe umutekano yafatiye ibihano bikomeye cane Koreya ya ruguru ihowe kugerageza ibirwanisho vya Nikleyeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG