Uko wahagera

Abandi Basirikare 3 ba ONU Barishwe muri Mali


Abasirikare ba MINUSMA hamwe n'Aba Mali bafise amasandugu y'abasirikare 2 ba ONU biciwe i Kidal.

Abasirikare bashika batatu ba ONU muri Mali bamuka muri Chad barishwe kur’uyu wa kane, abandi babiri barakomereka, igihe imodoka barimwo iciriye ku gisasu catezwe mu kuzimu mu buraruko bw’igihugu, ivyo bishikirizwa n’inteko za ONU muri Mali (Minusma).

Minusma ivuga ko ivyo vyabereye mu buraruko bw’igisagara ca Kidal atari kuri y’urubibe na Aljeriya.

ONU ivuga ko itazocika intege, izobandanya ibikorwa vyo gutsimbataza amahoro muri Mali kandi yibutsa ko ibitero ku basirikare babungabunga amahoro bishobora gushirwa mu vyaha vyo mu ntambara hisunzwe amategeko mpuzamakungu.

Abo basirikare baje biyongera ku bandi babiri bishwe kw’igenekerezo rya 5 y’ukwezi kw’icenda mu buryo nk’ubu nyene, hamwe n’abandi batatu bishwe ku wa 24 y’ukwezi kwa cenda nyene mu buraruko bwa Mali.

Iki gitero co kur’uyu wa kane kibaye inyuma y’urugendo rw’intumwa 15 za ONU ziserukira ibihugu bishashe mu kanama ka ONU kajejwe umutekano ku cicaro c’inteko z’ibihugu 5 vyo mu karere ka Sahel ziriko zirwanya iterabwoba ziri mu buraruko bwa Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG