Uko wahagera

Amerika Ntizongera Gucisha Imfashanyo muri ONU


Visi-perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Mike Pence yatangaje ko Deparitoma ya Reta itazosubira guha umutahe ibiro vy’amashirahamwe mpuzamakungu bidakora neza ku vyerekeye igikorwa co gukingira abanyagihugu bari ku rushi mu bihugu vyo mu buseruko bwo hagati.

Pence yatangaje kw’intererano yahora ihabwa ivyo biro ahubwo igiye kuzohora icishwa mu madini y’abo banyagihugu bari ku rushi hamwe no mu biro vya Amerika bijejwe iterambere mu makungu USAID.

Umushingantahe Pence yatangaje iyo ngingo ku musi wa gatatu mw’ijoro, igihe yariko ashikiriza ijambo umurwi witwa: In Defense of Christians. N’ukuvuga umurwi ujejwe gukingira abakristu hamwe n’imirwi y’abantu bari ku rushi.

Pence yagize ati:” Ntituzosubira kwizera ishirahamwe mpuzamakungu ryonyene mur’ico gikorwa co gukingira abachristu hamwe n’abantu bari ku rushi, mur’iki gihe imirwi ikora ibitero vy’iterabwo ishobora gukora ihonyabwoko.

Visi-perezida ntiyadomyeko urutoke ibihugu bivugwa kandi ntiyatangaje n’igihe iyo ngingo izoshirirwa mu ngiro canke igitigiri c’amafaranga kitazosubira guhabwa ishirahamwe mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG