Uko wahagera

Umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya watangaje imfashanyo y’imiliyoni ijana na mirongo ibiri n’ine y’amadolari agenewe iterambere n’ugufasha abanyagihugu muri Sudani.

Urwego nyobozi rw’wumuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, rwatangaje ku musi wa mbere, kw’ayo mafranga azokoreshwa mu bikonewe vyihutirwa mu bijanye n’ibifungurwa, isuku, amagara y’abantu n’indero.

Christos Stylianides, umutegetsi mukuru w’umuryango w’ibihugu ku bijanye n’imfashanyo, yatangaje mu rugendo yagize mu ntara ya Darfur yo mu bumanuko, kw’imfashanyo ikenewe ku banyasudani bavuye mu vyabo n’impunzi zavuye mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko. Amenyesha kw’iyo mfashanyo izofasha abantu bageramiwe kurusha abandi.

Ku bw’ishirahamwe mapuzamakungu ONU, abantu imiliyoni zine n’ibihumbi amajana umunani barakeneye imfashanyo muri Sudani. Benshi muribo bari mu ntara ya Darfur.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG