Uko wahagera

Haley: Umutekano Muke Muri Afrika Ushobora Gutera Ibibazo Amerika


Ambasaderi w'Amerika muri ONU Nikki Haley mu mubonano n'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Hailemariam Desalegn i Addis Abeba

Nikki Haley Ambasaderi w'Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, agabisha ko umutekano muke n’ubukene muri Afrika bishobora gutera ibibazo vy’umutekano wa Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Mu ntumbero yo kugerageza gutorera umuti ivyo bibazo, Haley ari mu rugendo muri Sudani Yepfo, no muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Ribaye irya mbere umutegetsi akomeye muri Reta ya Trump agendera umugabane wa Afrika.

Inyuma yo kubonana n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Hailemariam Desalegn hamwe n’umutegetsi mukuru w’umuryango w’ubumwe bw’Afrika, Ambasaderi, Haley yabwiye abamenyeshamakuru ko ibaye intambuko ya mbere mu gukomeza ubucuti n’Ubumwe bw’Afrika hamwe n’ibihugu vya Afrika.

Ambasaderi Haley yatangaje ko niyabonana na Perezida wa Sudani y’ubumanuko Salva Kiir hamwe na Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo abashikiriza ubutumwa bukomeye ko ama reta yabo abwirizwa guhagarika ubwicanyi.

Haley yavuze kandi ko Reta zunze ubumwe z’Amerika ifise icizere ko Perezida Joseph kabila agiye kwubahiriza ibwirizwa nshingiro agatunganya amatora vuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG