Uko wahagera

Uburusiya Bwanse ko Abahinga ba ONU Batohoza kuri Siriya


Umunyesiriya atororokanya ibimenyetso vy'ahatewe ivyuka vy'ubumara, mu gisagara ca Khan Sheikhun, muri Siriya.

Uburusiya bwakoresheje igihagararo bufise mu nama ya ONU ijejwe umutekano burahagarika icemezo congereza ikiringo c'abahinga ba ONU batohoza ko Siriya cakoze ibitero vy’ubumara ku banyagihugu.

Mu nama y'ako kanama yo kur’uyu wa kabiri, ibihugu 11 vyashigikiye ico cemezo co kwongera uwundi mwaka abo bahinga, Uburusiya na Boliviya birabihakana mu gihe Ubushinwa na Kazakhstani vyahisemwo kutagira ico bishikirije.

Uwo murwi w’abahinga bakora amatohoza kur’uyu wa kane niho ushikiriza raporo y’ivyo watohoje, ishobora kuba irimwo abagirizwa igitero c’imyuka y’ubumara co mu kwezi kwa kane cabereye mu gisagara ca Khan Sheikhoun mu bubanuko bw’intara ya Adlib muri Siriya cishe abanyagihugu batari bake.

Imisi itatu inyuma ico gitero kibaye, Reta zunze ubumwe z’Amerika yaciye igaba igitero c’indege mu kibanza c’indege za gisirikare za Siriya aho Amerika yavuga ko indege zavuye zija gutera ivyo vyuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG