Uko wahagera

Abaforoma Bagabisha Guhagarika Akazi mu Burundi


Mw’itangazo amasendika SYNAPA na CNTS yasohoye kuri uyu wa kabiri agabisha ko mu kiringo c’imisi 14, azohagarika akazi hamwe Leta itotanga inyishu z’ibibazo ayo masendika amaze imisi atura abarongoye igisata c’ubuvuzi mu Burundi.

Bimwe muri ivyo bibazo, ni ihagarikwa n'ihohoterwa ry'abanywanyi bayo mu gihe bakoze amakosa y'akazi, ukutaronswa uburyo bukwiye bwokwivuza, ibiturire bitangwa imbere yo kuronswa ubuzi mu gisata c'amagara y'abantu....

Melance Hakizimana , umukuru wa sendika SYNAPA ahamagarira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’igisata kivuza abakozi ba Leta kutirengangiza ibibazo abaforoma n’abafasha babo bafise.

Ihagarikwa ry’akazi mu gisata c’amagara y’abantu mu Burundi, ryaheruka kuba mu mwaka w’I 2013. Ico gihe ama sendika yiyamiriza amakori yo ku mishahara Leta yari yashizeho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG