Uko wahagera

Siriya: ISIS Yishe Abantu 128 mu Guhunga Igisagara Al-Qaryatayn


Igisagara ca Al-Qaryatayn muri Siriya

Abantu bashika 128 baratowe ibiziga mu mabarabara yo mu gisagara ca Al-Qaryatayn, mu buraruko bwa Siriya, inyuma y’aho umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu uteshejwe ugahunga ico gisagara ku musi wa gatandatu, inyuma y’imisi 22 bari bamaze batana mu mitwe n’igisirikare ca reta.

Ishirahamwe ry’Abongereza ryishinze guharanira agateka ka muntu rikurikiranira hafi iyo ntambara, rivuga ko abo bantu nka bose bishwe na ISIS, 12 muri bo bicwa n’abasirikare ba reta ya Siriya.

Abdullah Abdul Karim, umwe mu barwanira agateka ka muntu mur’ico gisagara yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abanyagihugu ibihumbi 18 basigayeyo kandi bakeneye imfashanyo.

Avuga kandi ko ibiziga 75 arivyo vyari bigishoboka kumenyekana, abandi baza barasangukiye mu mabarabara no mu mivo y’amazi. ISIS warumenyereye gusiga ibiziga mu mabarabara kugira utere ubwoba abanyagihugu.

Ibitigiri vy’abahasize ubuzima bishobora kuba birenga ivyo mugihe har’abanyagihugu bataramenya irengero ryabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG