Uko wahagera

Kenya: Ubuserukizi bw'Ibihugu 20 Burajwe Ishinga n'Icuka ca Politike


Umu Polisi wa Kenya ariko aburizamwo imyiyerekano y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi
Umu Polisi wa Kenya ariko aburizamwo imyiyerekano y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi

Aba ambasaderi 20 baserukira ibihugu vyabo muri Kenya,harimwo n’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya,bemeza ko icuka ca politike kiriko kirayanzara muri ico gihugu.

Abo ba ambasaderi basaba umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, ko ari hamwe woba ubona utarisuganya neza mu gutegura amatora ategekanijwe kuri uno wakane,wokwitura sentare ntahinyuzwa ya Kenya kugira amatora yegezwe inyuma.

Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Kenya, Robert Godec amenyesha ko kwegeza amatora inyuma ata ngorane vyotera.

Ingene amatora yo kuri uno wa kane azogenda, biracari ubupfindo kubatari bake.Biri uko , mugihe Reta n’abatavuga rumwe nayo babandanya guterana amajambo.

Raila Odinga aramutswa urunani rw’abatavuga rumwe na Reta,yatangaje kw’abamushigikiye bazogira imyiyerekano ku musi wa kabiri no ku musi wa gatatu imbere y’ibiro vy’urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG