Uko wahagera

ONU n'Ubumwe bw'Afrika Basaba Umutekano muri Kenya


Abaporisi bacungereye ibiro vya Komisiyo y'amatora
Abaporisi bacungereye ibiro vya Komisiyo y'amatora

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, hamwe n’umukuru wa Komisiyo y’Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika, Moussa Faki Mahamat, bashikiriza ko babandanya bakurikiranira hafi ibibera muri Kenya, ahitezwe kur’uyu wa 26 amatora y’umukuru w’igihugu.

Bisunze ingingo ya sentare nkuru ya Kenya yo kw’itariki 1 y’ukwezi kw’icenda isaba isubirwamwo ry’amatora, abo bategetsi babiri bamenyesha ko ONU n’Ubumwe bwa Afrika biyemeje gufasha kugira ayo matora abe mu bwisanzure no ku mugaragaro.

Basaba abegwa bose n’ayo matora gukorana na Komisiyo y’amatora kuko ari yo ibwirizwa nshingiro rya Kenya riha uburenganzira bwo gutunganya amatora.

Basaba kandi abanyepolitike bo ku mpande zose zerwa n’ayo matora hamwe n’abanywanyi babo gushiraho icuka gitsimbataza amahoro kandi bakirinda ingendo y’ubwicanyi.

Umunyamabanga mukuru wa ONU hamwe n’umukuru wa Komisiyo y’ubumwe bw’Afrika basaba abajejwe umutekano ba Kenya kwirinda gukoresha inguvu mu mirimo yabo no kwubahiriza umwidegemvyo n’ubwigenge bw’Abanyakenya bwo gushikiriza ivyiyumviro vya politike.

Iri tangazo ryasohorewe i Addis Ababa, ku cicaro c’ubumwe bwa Afrika hamwe n’I New York ku cicaro ca ONU ku mugoroba wo kur’uyu w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG