Uko wahagera

Urugendo rw'Abambasaderi ba ONU muri G5 Sahel


Abakuru b'ibihugu 5 vyo mu karere ka Sahel, G5 Sahel
Abakuru b'ibihugu 5 vyo mu karere ka Sahel, G5 Sahel

Abambasaderi b’akanama ka ONU kajejwe umutekano kur’uyu w’Imana niho barangiriza i Ouagadougou ku murwa mukuru wa Burkina Faso urugendo bari bamazemwo imisi mu bihugu bigize akarere ka Sahel.

Urugendo Ambasaderi aserukira Ubufaransa muri ONU, François Delattre yavuze ko rwabaye ingirakamaro mu gihe amakungu ariko yitegura gushinga inteko zizoba zijejwe kurwanya iterabwoba mu bihugu bitanu bigize akarere ka Sahel.

Abambasaderi b’ibihugu 15 bishashe mu kanama ka ONU kajejwe umutekano kuva ku musi wa kane bariko bagendera Mali, Moritaniya na Burkina Fasso.

Muri raporo yashikirije kw’igenekerezo rya 16 y’ukwezi kwa cumi, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yasavye ko amakungu atanga interereno yo gufasha izo nteko.

Inama y’abashikiranganji igamije gushigikira izo nteko itegekanijwe kuwa 30 z’uku kwezi kwa cumi muri ONU, mu nyuma hazokurikira inama y’abafasha kw’itariki ya 16 y’ukwezi kwa cumi na kabiri I Buruseli mu Bubirigi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG