Uko wahagera

Abahuza Ibitsina 12 Barahagaritswe Muri Tanzaniya


Igipolisi co mu gihugu ca Tanzaniya gitangaza ko cahagaritse kur'uyu wa gatatu, abantu bagera kuri 12, bagirizwa guhuza ibitsina n’abo babisangiye.

Babiri mu bahagaritswe, bakomoka mu gihugu ca Afurika y’epfo, uyundi umwe nawe akaba ari Umuganda. Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam Lazaro Mambosasa, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa AFP ko abo bahagaritswe, bakiriko barabazwa imbere y’uko bashikirizwa ubutungane.

Amategeko y’igihugu ca Tanzaniya, avuga ko guhuza igitsina n’uyo mugisangiye ari icaha gihanwa n’amategeko.

Leta ya Tanzaniya igabisha ko abanyamahanga bose, bashigikiye ko abasangiye ibitsina bashobora kubihuza bazokwirukanwa muri ico gihugu.

Mu kwezi kwa kabiri k’uno mwaka, Tanzaniya yafashe ingingo yo kwugara ibigo bitari bike bikorera mu gisata co kurwanya indwara ya SIDA, ivyagiriza gukorana n’abahuza ibitsina babisangiye. Iyo ngingo ikaba yaratewe ivyatsi na Leta zunze ubumwe z'Amerika.

Guhuza ibitsina kubabisangiye, bifatwa nk’icaha mu bihugu 38 kuri 54 bigize Afurika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG