Uko wahagera

Perezidansi y'Amerika Iranegura Ingingo Yahagaritse Itegeko ku Bimukira


Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe z’ Amerika, biranegura bikomeye ingingo y’umucamanza wo muri leta ya Hawaii, yahagaritse itegeko rya Perezida Donald Trump rikumira ku butaka bwa Amerika abanyagihugu bakomoka mu bihugu indwi.

White house mw’itangazo ryayo yagize iti :" Ingingo y’uwo mucamanza ije kubangamira utwigoro dutandukanye twa Perezida Trump tugamije gukingira umutekano w’Abanyamerika.”

Iyo ngingo yahagaritswe, vyari bitegekanijwe ko itangura gushirwa mu ngiro kuva kuri kur’uyu wa gatatu, ikaba yokoze ku bihugu vya Tchad, Libiya,Somaliya, Irani, Siriya,Yemeni, na Koreya ya ruguru.

Umucamanza wo muri leta ya Hawaii muri sentare yo ku rwego rw’igihugu, mu guhagarika iryo tegeko rya Perezida Donald Trump, yasiguye ko Trump yihaye ububasha adafise mu gukumira ibihugu bigwiriyemwo ahanini aba Islamu.

Mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu, umucamanza wo muri Leta ya Maryland akaba yahambije mugenzi we wo muri Hawaii mu kuburizamwo iciyunviro ca Trump.

Yamara, ibiro vy ’umukuru w’igihugu bitangaza ko bitegekanya kwunguruza urubanza bidatevye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG