Uko wahagera

Kenya: Roselyn Akombe Yatanze Imihoho mu Murwi w'Amatora


Umupfasoni Roselyn Akombe i Buryo, wo mu murwi utunganya amatora muri Kenya

Umukenyezi Roselyn Akombe, umwe mu bagize umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora muri Kenya yatanze imihoho.

Mu rwandiko yateyeko umukono kur’uyu wa kabiri itariki ya 17 y’ukwezi kwa 10 umwaka wa 2017, avuga ko bimwe mu bimutumye afata iyi ngingo, ar’uko ababazwa nuko uwo murwi ariwo utera icuka kibi mu gihugu kandi ko ariwo ntandaro y’uruhagarara rwa politike rufatiye ku matora ruri mu gihugu.

Kubwiwe ngo kubandanya yifatanya n’uwo murwi ni nko gushigikira ko igihugu kibandanya kuba muvyo kirimwo.

Asaba abadashima iyi ngino kumutahura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG