Uko wahagera

Raila Odinga Yabaye Arahagarika Imyiyerekano


Abatavuga rumwe n'Ubutegetsi mumuri Kenya myiyerekano

Abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kenya kur’uyu wa kabiri barahagaritse imyiyerekano igamije gusaba ihindurwa ry’abagize umurwi ujejwe gutunganya amatora.

Mw’itangazo yashikirije ejo nyene, Raila Odinga, umukuru wabo yavuze ko babikoze kugira bibuke abantu babo batatu, bishwe barashwe mur’iyo myiyerekano mu misi iheze. Ibigiye gukurikira yar’uwubitangaza ejo nyene.

Urunani NASA ruhurikiyemwo abatavugarumwe n’ubutegetsi rumaze indwi zitatu mu myiyerekano isaba umurwi utunganya amatora kugira ivyo uhinduye mu bawugize kugira ubashe gutunganya amatora ataho ahengamiye ategekanijwe kw’itariki ya 26 y’uku kwezi kwa cumi.

Iyo myiyerekano yagiye iraburizwamwo n’igiporisi, inyuma y’aho kw’igenekerezo rya 12 z’uku kwezi reta ifatiye itegeko ryo kuyibuza mu bibanza bikorerwamwo imirimo y’ubudandaji mu bisagara vya Nairobi, Mombasa na Kisumu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG