Reta ya Somaliya itangaza ko yahagaritse ibikorwa vyo kurondera no gutabara inyuma y’imisi itatu habaye igitero c’iterabwoba cahitanye amajana y’abantu I Mogadishu.
Abdurrahman Omar Osman, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru muri Somaliya yatangaje kur’uyu wa kabiri ko ibiharuro vy’abapfuye bafise bishika 281 hamwe n’abarenga 300 bakomeretse, ariko ivyo bitigiri ngo birashobora kwiyongera.
Avuga ko har’abashobora kuba barapfiriye mu miryango yabo yahisemwo kubatwara inyuma y’igitero bamwe baremvye cane abandi bakomeretse bikomeye.
Reta iracegeka ico gitero ku barwanyi b’umuhari wa al-Shabab, naho gushik’ubu uwo muhari ukiri mu gacerere ntangere.
Amakungu kur’uyu wa kabiri yar’akibandanya kurungika imfashanyo I Mogadishu mu gihe amavuriro ariko ageregeza kuvura ibikomere vy’abaharurwa mu majana.
Ibihugu vya Reta zunze ubumwe z’Amerika, Kenya, Qatar, Djibouti, vyararungitse imiti n’abaganga biranafasha no gutwara abababaye cane kuvurirwa mu bihugu vyabo.
Somaliya: Ibikorwa vyo Kurondera Abapfuye Vyahagaze

Facebook Forum