Uko wahagera

Igisirikare c'Amerika Citeguye Gufasha Somaliya


Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika, kimenyesha ko citeguye kwongereza gushigikira reta ya Somaliya, inyuma y’aho ico gihugu gishikiwe n’ivyago vy’iterabwoba vyahitanye abashika 276 ku musi wa gatandatu i Mogadishu.

Koloneli Rob Manning, umuvugizi wa Pentagon, Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yatangaje kur’uyu wa mbere ko Amerika yiteguye kugira ico ifashije mu gihe reta ya Somaliya yobisaba. Avuga ko bakiriko barihweza ubwoko bw’imfashanyo botanga.

Amerika ifise abasirikare 400 muri Somaliya bagabuye mu mice ibiri, bamwe bajejwe gutanga inyigisho za gisirikare ku basirikare ba reta, abandi bafasha mu gutanga ibikoresho.

Gushik’ubu nta muhari n’umwe uriyitirira ico gitero. Ariko abategetsi ba Somaliya hamwe n’abahinga mu bijanye n’iterabwoba bavuga ko ata bandi atari abarwanyi ba al shabab, basanzwe bakora ibitero nk’ivyo Mogadishu no mu micungararo yaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG