Uko wahagera

Perezida Trump Agiye Kugendera Ibihugu 5 Muri Aziya


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, ategekanya kugendera ibihugu bitanu vyo muri Aziya mu kwezi kuza, urugendo rufise umugambi wo gufatanya n’abategetsi bo mur’ivyo bihugu mu kuremera igihugu ca Korea ya ruguru kugira gihebe porogarame yaco y’ibigwanisho ruhonyanganda.

Urwo rugendo ruzoba rufise kandi intumbero yo guteza imbere ubutunzi bwa Reta Zunze Ubumwe mur’uyo mugabane.

Peresidansi ya Amerika uyu musi ku wa mbere yatangaje ko Perezida Trump azotangura urwo rugendo kw’igenekerezo rya 3 gushika kw’igenekerezo rya 14 ry’ukwezi kwa 11, bikaba bitegekanijwe kw’azogendera Ubuyapani, Korea y’Epfo, Ubushinwa, Vietnam na Phillipines, aho azogira ibiganiro n’abategetsi barongoye ivyo bihugu.

Bitegekanijwe kandi ko azoca mu ntara ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Hawai.

Igihe yashikiriza ijambo inama mpuzamakungu mu kwezi guheze, Perezida Trump yarasavye ibihugu bikomeye gufatira ibihano igihugu ca Korea ya ruguru vyerekeye ubutunzi, kugira ico gihugu ntikironke amafaranga avuye mu bidandazwa gishora hanze, cohava gikoresha muri porograme yaco y’ibigwanisho ruhonyanganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG