Uko wahagera

Perezida Macron muri Irani ku Mugambi wa Nikleyeri


Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa.
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yatangaje kur’uyu w’Imana ko ategekanya kugendera Irani kw’itariki kanaka atarashira ahabona.

Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere umukuru w’igihugu c’Ubufaransa azoba agize muri Irani kuva mu mwaka w’ 1976, kandi azoba yerekanye ko ateye kubiri n’umugambi wa Perezida Donald Trump ku masezerano ya Nikleyeri Irani casinye n’amakungu.

Abajijwe ku vyerekeye ayo masezerano, Perezida Macron yabwiye abamenyeshamakuru ko yasavye Trump kutavavanura nayo kandi amenyesha ko yipfuza ko Umuryango w'ubumwe bwa Buraya nawo uyashigikira, ngo kubwiwe ishirwa mu ngiro ryayo rikurikiranirwa hafi.

Mwomenya ko Emmanuel Macron kur’uyu wa kane uza azokwakira umuyobozi mukuru w’igisata mpuzamakungu kigenzura ibirwanisho vy’ubumara, Yukiya Amano, ashinzwe kugenzura ibikorwa vya Irani mu mugambi wa Nikleyeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG