Uko wahagera

Abantu 7 Bapfuye Mw'Isanganya ry'Indege muri Angola


Abantu indwi bagizwe n’abakora mu ndege hamwe n’ingenzi barapfuye mw’isanganya y’indege yabaye mu buraruko bwa Angola ku mugoroba wo kur’uyu wa kane.

Umukuru w’abajejwe kuzimya imiriro Felismino Ndumba avuga ko iyo ndege yahagurutse ivuye mu gisagara ca Dundo hafi y’urubibe na Kongo hafi y’isaha imwe z’ijoro, igiye I Luanda ku murwa mukuru wa Angola.

Icateye iryo sanganya gushik’ubu ntikiratangazwa. Amakuru ava mu bazimya imiriro avuga ko ikirere cari kimeze nabi ku mugoroba wo ku musi w a kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG