Uko wahagera

Igiporisi ca Kenya Cishe 2 mu Bari mu Myiyerekano


Igiporisi gitana mu mitwe n'abari mu myiyerekano.

Abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kenya babiri bari mu myiyerekano mu gisagara ca Bondo, mu burengero bw'ico gihugu bishwe barashwe bariko batana mu mitwe n’igiporisi. Ivyo vyemejwe n’abar’aho batari bake igihe vyaba.

Abantu bashika 500 bagize imyiyerekano mu gisagara ca Bondo kur’uyu wa gatanu, igisagara kivukamwo Raila Odinga, umukuru w’abatavugarumwe n’ubutegetsi. Abo bantu bashamiranye n’igiporisi co mur’ico gisagara nkuko ababibonye bavuga.

Umukuru w’igiporisi c’aho, John Kiarie, yanse kugira ico ashikirije imbere yuko aronka raporo yemeza ko vyabaye vy’ukuri.

Abo babaye abantu ba mbere bapfuye inyuma y’intureka yakurikiye amatora yo kw’itariki 8 z’ukwezi kwa munani, ahapfuye abantu bashika 37 nkuko umurwi w’igihugu uharanira agateka ka muntu wabivuze.

Iyo myiyerekano yabaye kandi no mu bindi bisagara bikomeye muri Kenya, yitabwe n’abantu baharurwa mu majana naho reta yari yayibujije.

Mwibuke ko kuva kw’itariki ya mbere z’ukwezi kw’icenda aho sentare ifatiye ingingo yo gufuta ivyavuye mu matora, abatavurumwe n’ubutegetsi baciye basaba ko abagize umurwi w’amatora bahindurwa babagiriza guhengamira ku ruhande rwa Perezida Kenyatta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG