Uko wahagera

Félix Tshisekedi ati: "Kabila Yatangaje Intambara Ku Banyekongo"


Félix Tshisekedi, arongoye urunani Rassemblement rw'Abatavugarumwe n'Ubutegetsi bwa RDC.
Félix Tshisekedi, arongoye urunani Rassemblement rw'Abatavugarumwe n'Ubutegetsi bwa RDC.

Abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Congo kur’uyu wa kane bagiriza Perezida Joseph Kabila yakoze icaha gikomeye nk’umukozi w’igihugu.

Aho n’inyuma y’aho umurwi ujejwe gutunganya amatora utangarije ko ata matora ashoboka imbere y’umwaka w’2019.

Nayo amakungu abandanya asaba ko ikirangamisi c’amatora gitangazwa. Iryo tangazo ry’umurwi w’amatora rihanaguye burundu amasezerano yabaye hagati y’ubutegetsi n’abatavuga rumwe nabwo yo kuwa 31 kigarama 2016 yari yashinze ko amatora yabwirizwa kuba mu mpera z’uyu mwaka wa 2017.

Félix Tshisekedi arongoye urunani “Rassemblement” ruhurikiwemwo abatavugarumwe n’ubutegetsi avuga ko Joseph Kabila na Corneille Nangaa, umukuru w’umurwi w’amatora batangaje intambara ku banyakongo.

Yabitangaje kur’uyu wa kane mu nama y’abategetsi b’urwo runani I Kinshasa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG