Uko wahagera

Cadi Carakuye Abasirikare Baco muri Nijeri


Abasirikare ba Cadi bari muri Nijeri kurwanya Boko Haram.

Igihugu ca Cadi carakuye abasirikare baco baharurwa mu majana bari muri Nijeri gufasha abasirikare b’ico gihugu kurwanya Boko Haram, ivyo bitangazwa n’abakora mu mashirahamwe atanga imfashanyo hamwe n’abategetsi.

Abo basirikare bamaze indwi zibiri batahutse, bishobora kugira ingaruka mbi ku ntambara n’uwo muhari, uza umaze kwica ibihumbi bitari bike vy’abanyagihugu, abandi benshi bata izabo ubu bakaba bari mu bibazo vyo kubura imfungura. Nta nsiguro y’iyo ngingo yatanzwe, eka n’abategetsi ba Cadi ntaco barabivugako.

Ariko iyo ngingo ifashwe inyuma y’ukwezi Reta zunze ubumwe z’Amerika ifashe ingingo yo kubuza Abanyecadi kwinyira muri Amerika. Cadi caciye kigabisha Amerika ko iyo ngingo ishobora kubangamira ibikorwa vyo kurwanya Boko haram.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG