Uko wahagera

Somaliya: Umushikiranganji wo Kwivuna Abansi Yatanze Imihoho.


Umushikiranganji wa Somaliya wo kwivuna abansi Abdirashid Abdulahi Mohamed (Ibubamfu)
Umushikiranganji wa Somaliya wo kwivuna abansi Abdirashid Abdulahi Mohamed (Ibubamfu)

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Somaliya hamwe n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare bari barongoye urugamba n’umuhari wa Al Shabab, bose uko ari babiri baratanze imihoho mur’ivyo bibanza barimwo, ivyo vyashikirijwe n’abategetsi kur’uyu wa kane.

Abategetsi batari bake muri reta ya Somaliya batashimye ko amazina yabo aja ahabona kuko batemerewe kuvuga kur’ico kibazo bavuga ko abo bategetsi babiri ba gisirikare har’ivyo batahurizako.

Abandi bavuga ko ata migenderanire myiza bari bafitaniye n’abategetsi bakuru b’igihugu.

Umukuru w’igihugu ca Somaliya Mohamed Abdullahi Farmajo aza yamaze kugena jenerali Abdi Jama Hussein, mu kibanza c’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare mushasha. Umushikiranganji wo kwivuna abansi ntarasubirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG