Uko wahagera

Reta ya Amerika Yavuye Muri UNESCO


Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje kw’ivuye mw’ishirahamwe UNESCO, ikaba irega iryo shirahamwe ko riterekwa igihugu ca Israeli.

Umuvugizi wa Departement ya reta ya Amerika Heather Nauert yagize ati: Iyi n’ingingo yitondowe cane kandi ifise umugambi wo kwerekana amakenga ya Reta ya Amerika ku vyerekeye intererano bihugu bitanga yama yacerewe, ku vyerekeye ibintu vyinshi bitegerezwa guhinduka mur’iryo shirahamwe hamwe n’ukuntu iryo shirahamwe ryama ryavuze nabi igihugu ca Israeli.

Reta ya Amerika yamenyesheje uburongozi bukuru bw’iryo shirahamwe ko yipfuza kuguma ikorana n’ishirahamwe UNESCO, itanga intererano yayo, ariko itari mu muryango w’ibihugu bigize iryo shirahamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG