Uko wahagera

CENI ya RDC Ivuga ko Ata Matora Ashoboka Imbere ya 2019


Corneille Nangaa, umukuru w'umurwi wigenga ujejwe amatora muri RDC.
Corneille Nangaa, umukuru w'umurwi wigenga ujejwe amatora muri RDC.

Umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora muri Republika iharanira demokarasi ya Congo utangaza ko ata matora yo gusubiriza Perezida Joseph Kabila ashoboka imbere y’imisi 504, n’ukuvuga atari mu ntango z’umwaka w’2019.

Ivyo vyatangajwe n’uwo murwi ku rubuga rwawo rwa internet, mu gihe amatora y’umukuru w’igihugu yategerezwa kuba mu mpera z’uyu mwaka wa 2017.

Uwo murwi uvuga ko ukeneye imisi 504 kugira uzobe warangije ibikorwa vyo kwandika abanyagihugu mu gihugu cose, kandi ko bakibandanya kwandika mu ntara ya Kasai ikirimwo intambara.

Umuvugizi w’uwo murwi avuga ko ico kiringo gishobora kugabanuka mu gihe bokwemera hagakoreshwa imashini mu gutora kandi bagahindura ibwirizwa rigenga amatora.

Ubicishije ku rubuga rwawo rwa Twitter, umuhari uharanira ihinduka muri ico gihugu, Lucha watangaje kur’uyu wa gatatu ko ata gisigaye umwanya wo kuja mu mw’ibarabara ugeze.

Nawe Felix Tchisekedi, arongoye abatavuga rumwe n’ubutegetsi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, ko ahava agira ico ashikirije mu gatondo ko kur’uyu wa kane.

Iryo tangazo ry’umurwi utunganya amatora ryasohotse mu gihe I New York, inama ya ONU ijejwe umutekano yari mu nama yiga kuri Kongo, yarimwo n’intumwa ya ONU I Kinshasa, Maman Sidikou.

Maman Sidikou, intumwa ya ONU muri RDC, ari mu nama ya ONU ijejwe umutekano, New York
Maman Sidikou, intumwa ya ONU muri RDC, ari mu nama ya ONU ijejwe umutekano, New York

Ikiringo ca kabiri ari naco ca nyuma perezida Kabila yemerewe n’ibwirizwa nshingiro caheranye n’ukwezi kwa cumi na kabiri umwaka wa 2016, ibwirizwa nshingiro ntirimwemera gusubira kwitoza.

Amasezeranyo hagati ya reta n’abo batavuga rumwe yar’ahagarariwe na Ekleziya Katolika yumvikanweko kw’itariki ya 31 y’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2016

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG