Uko wahagera

Abandi Basirikare ba ONU muri Centrafrika Bakekwako Ubusambanyi


Abasirikare ba ONU muri Centrafrika

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu, Amnesty international yose avuga ko har’umwigeme afise imyaka iri hagati ya 16 na 19 yiyemereye ko yahawe ibiyovya bwenge yongera asambanwa n'abasirikare ba ONU muri Centrafrika.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, asanzwe ategekanya kugendera ico gihugu mu misi ir’imbere akanategekanya kubonana n’abasinzikajwe n’intambara, yavuze ko iyo nyifato itababarirwa.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric avuga ko ivyo vyoba vyabaye kw’itariki ya 30 y’ukwezi kw’icenda, mu gisagara ca Bambari, kiri mu bumanuko bw’ico gihugu. ONU isaba igihugu abo basirikare bakekwa bamukamwo gutohoza kur’ivyo vyagiriji.

Amnesty international, imenyesha ko abo basirikare bakekwa ar’abo muri Mauritaniya.

Mu mwaka w’2016, abasirikare ba ONU 120 bamuka muri Congo barasubijwe mu gihugu cabo bagirizwa gufata abakenyezi ku nguvu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG