Uko wahagera

Igisirikare c'Amerika Kiragavye Kuri Koreya ya Ruguru


Jenerali Mark Milley arongoye ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika
Jenerali Mark Milley arongoye ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika

Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Reta zunze ubumwe z’Amerika atangaza ko abasirikare biwe bakwiye kwama bagavye.

Abivuze inyuma y’umusi umwe sekreteri ajejwe kwivuna abansi Jim Mattis abwiye abasirikare abo basirikare nyene kumera magabo ko umwanya uwari wo wose bashobora gutana mu mitwe na Koreya ya ruguru.

Jeneral Mark Milley, aho yariko arashikiriza ijambo kur’uyu wa kabiri I Washington mu nama ya buri mwaka itunganwa n’igisirikare c’Amerika, yasavye kongre y’Amerika kwihuta kwemeza amafaranga reta izokoresha kugira baharonkere akaryo ko gukomeza igisirikare.

Milley yavuze kandi ko imigenderanire y’Amerika na Koreya ya ruguru ikiri mu rwego rwa kidipolomasiya ariko ko igisirikare gitegerezwa kwama kiri maso mu gihe ibintu vyohinduka ukundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG