Uko wahagera

Imiriro Muri Californiya Imaze Kwica 15


Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yatangaje kur’uyu wa kabiri ko reta ya Californiya iri mu bihe vy’ibiza vy’ingaruka y’ihindagurika ry’ibihe, ni mu gihe imiriro yarigise intara zose zirimwamwo igiterwa c’umuvinyu mu buraruko bw’igisagara ca San Francisco.

Trump yategetse reta y’Amerika kurungika imfashanyo mu bice vyasinzikajwe n’iyo miriro yatanguye kw’itariki 8 y’ukwezi kwa cumi n’ubu ukiriko, ivyo biri mw’itangazo ryavuye mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Ikinyamakuru The Washington Post candikira muri Amerika canditse kivuga ko gushika kur’uyu wa kabiri abantu 15 aribo bari bamaze kumenyekana ko bishwe n’uwo muriro, kibandanya kivuga ko amakuru gihabwa n’abariko baratabara avuga ko ivyo bitigiri bishobora kwiyongera mu gihe har’abantu 150 gushik’ubu batazi iyo bari.

Amazu arenga ibihumbi 2.000 hamwe n’amazu y’ubudandaji niyo yahiye nkuko guverineri Jerry Brown wa reta ya californiya yabishikirije ku musi wa mbere

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG