Uko wahagera

Umuryango wa Joseph Kabila Nawo Usabirwa Ibihano


Perezida Joseph Kabila, wa republika iharanira demokarasi ya Kongo, ashikiriza ijambo I New York muri ONU.

Umurwi ugizwe n’amashirahamwe indwi ategamiye amareta yasabiye ibihano abo mu muryango wa Perezida Joseph Kabila, mu gihe hari haheze imisi mike Abasenateri 7 bo muri sena y’Amerika barungikiye urwete Perezida Trump rumusaba gufatira ingingo Kabila mu gihe uruhagarara rwa poritike rwobandanya muri Kongo.

Mw’itangazo ayo mashirahamwe arimwo na Human Right Watch yashize ahabona kur’uyu wa kabiri, asaba Amerika hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya kwagura ibihano kuri Kabila bigatandukira no ku muryango wiwe.

Ida Sawyer, umuyobozi wa HRW mu karere ka Afrika yo hagati asaba ibihugu mvamakungu bikorana na RDC kwereka Perezida Kabila ko inyifato yiwe ishobora kumugarukira nabi.

Avuga ko niyo ibihano vyagurwa gushika no kubo mu muryango wiwe ndetse no kubo bafatanije ubutegetsi babandanya bironkera inyungu mu manyanga yo kugomba kuguma ku butegetsi bizoberera .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG