Uko wahagera

Abigisha Babiri ba Kaminuza Baguye mu Gitero muri Kenya


Abakozi babiri ba kiminuza nkuru yigisha ivy’imyuga mu gisagara ca Mombasa muri Kenya, baguye mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho mu gatondo k’uno wa kabiri.

Umukuru w’igipolisi mu karere kabereyemwo uwo mutego, ku nkengera y’ibahari y'Abahindi, Larry Kieng yemeje ayo makuru. Kieng, yatangarije ijwi ry’Amerika ko uwo mutego watezwe ku mamodoka yariko yunguruza abanyeshure n’abakozi ba kaminuza ya Mombassa yigisha imyuga, igihe bariko bagana aho bigira bavuye mu buraro bwabo. Umushoferi umwe n’abapolisi babiri bari baherekeje iyo miduga bakomerekeye muri uwo mutego.

Abakoze ico gitero kugera ubu, ntibaramenyekana. Igipolisi ca Mombasa cikeka ko uwo mutego woba wakozwe n’abarwanyi b’umugwi w’iterabwoba al-Shabab. Uyu mugwi imaze gukora ibitero bitari bike mu gihugu ca Kenya. Murivyo, harimwo ico mu 2015, cahitanye abanyeshure 148 bo kuri kaminuza ya Garissa, iri mu buseruko bwa Kenya

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG