Uko wahagera

Guterres Aranegura Igitero ku Basirikare ba ONU muri RDC


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aranegura ibitero vyo kur’uyu wa mbere vyakozwe n’abarwanyi bahurikiye mu muhari ADF mu ntara ya Kivu y’uburaruko muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, vyavuyemwo iyicwa ry’abasirikare babiri ba ONU bamuka muri Tanzaniya. Abandi 18 barakomereka.

Mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa mbere n’umuvugizi wiwe, Guterres yarahojeje abagenzi n’imiryango yabuze, ndetse na Republika zunz’ubumwe za Tanzaniya. Yipfuriza abakomeretse gukira n’ingoga.

Guterres asaba abategetsi ba Reta ya Kongo kunyarutsa gutohoza kur’ubwo bwicanyi no kurengutsa imbere y’ubutungane abo buzokwagira.

Arangiza asaba ubugira kandi imihari yose yitwaje ibirwanisho mur’ico gihugu kubishira hasi kandi avuga ko ibitero bitumbera inteko zibungabunga amahoro bishobora kuja mu murwi w’ivyaha vyo mu ntambara kandi bihanwa n’amategeko mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG