Uko wahagera

Namibiya: Imvubu Zirenga 100 Zarishwe n'Indwara Itaramenyekana


Imvubu zororewe muri reta ya Cincinnati, muri Amerika

Imvubu zirenga 100 zaratowe zapfuye mu ruzi ruca mw’ishamba cimeza muri Namibiya. Umushikiranganji w’ibidukikije mur’ico gihugu yatangaje kur’uyu wa mbere ko zishobora kuba zishwe n’ingwara y’amakara, Maladie du Charbon mu gifaransa.

Umushikiranganji Pohamba Shifeta avuga ko ivyo bitigiri bishobora kuba birenga kuko ngo izindi mvubu ziza zari zimaze kuribwa n’ingona zo mur’urwo ruzi. Avuga kandi ko abaganga b’ibikoko bariko baratohoza neza icatumye zipfa.

Namibiya ni igihugu kiri mu maja epfo y’umugabane w’Afrika gihurumbirwa na bamukerarugendo kubw’ibikoko biri mu mashamba n’imisenyi yaco. Gifise imvubu ziharurwa ku 1.300.

Iyo ngwara y’amakara ifata ibikoko n’abantu. Umuntu ayanduzwa n’ibikoko biyirwaye canke ariye ibiva mur’ivyo bikoko vyanduye. Iramaze kandi kurigita inguge mw’ishamba cimeza muri Kote d’Ivuware.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG