Uko wahagera

Kuki Amerika na Turkiya Vyahagaritse Ambassade Zazo?


Turkiya ku musi wa mbere yasavye Reta zunze ubumwe za Amerika gusubiza inyuma ingingo yayo yo guhagarika ivyagateganyo itangwa ry’impapuro z’ingezi (Visa) ku bava muri Turkiya binjiria muri Amerika

Ejo ku musi wa mungu ibiro vya ambasade ya Amerika I Ankara vyasohoye urwandiko ruvuga ruti “Inyuma yaho hagiye haraba utubazo tumwe na turiya, Amerika ifashe ingingo yo gusubira kwihweza neza imigenderanire yayo na Turkiya kubijanye n’umutekano w’abakozi hamwe n’ibiro vya ambasade yayo muri Turkiya”

Urwo rwandiko ntigwatomoye neza impamvu Amerika yafashe iyo ngingo yo kwiga neza imigenderanire yayo na Turkiya canke ikiringo iryo hagarikwa ryo gutanga visa kizomara.

Inyuma y’amasaha make, Turkiya yaciye itangaza ko nayo ifashe ingingo yo guhagarika ivyagateganyo itangwa ry’amaviza ku Banyamerika basaba kwinjira muri Turkiya. Muri iryo tanganzo, Turkiya yakoresheje amajambo asa n’ayakoreshejwe mw’itangazo ryasohowe na Amerika.

Aho yavugira kuri televiziyo y’igihugu, umushikiranganji wa Turkiya ajejwe ubutungane Abdulhamit Gul, yavuze ko batashimishijwe n’ingingo yafashwe na Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG