Uko wahagera

Ibiro vy’umugwi w’inteko za ONU zijejwe kugarura umutekano muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bitangaza kw’abarwanya ubutegetsi bwa Uganda bagize igitero kw’ikambi ya gisirikare muri Kongo bica umusirikare wa ONU umwe bongera bakomeretsa abandi barenga cumi.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo Mak Hazukay yavuze ko bakeka kw'abagwanyi b'umugwi witwa Allied Democratic Forces (ADF) bakomoka muri Uganda, aribo bakoze ico gitero, hamwe n’ibindi bimaze imisi bigigwa muri ako karere.

Iryo kambi riri mubuseruko bw’igisagara ca Beni, ryatewe mugitondo co kuri uyu wambere.

Ibihugu abahitanywe hamwe n’abakomerekeye muri ico gitero baturukamwo ntibiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG