Uko wahagera

Amerika na Turukiya mu Ntambara ya Visa


Abaporisi ba Turukiya bacungera umutekano wa Ambasade y'Amerika i Ankara, 2013.
Abaporisi ba Turukiya bacungera umutekano wa Ambasade y'Amerika i Ankara, 2013.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yahagaritse ivy’agatekanyo guha visa Abanyaturukiya bipfuza kuza muri Amerika kumvo zitandukanye no gusaba ubuhungiro.

Itangazo ryosohowe kur’uyu w’Imana na Ambasade y’Amerika muri Turukiya rivuga ko ibiheruka kuba muri Turukiya vyatumye reta y’Amerika isubiramwo kwiga ivyo reta ya Turukiya yiyemeje bijanye no gucungera umutekano w’inyubakwa hamwe n’abakozi ba Ambasade y’Amerika.

Ariko iryo tangazo ntiryatomoye neza ivyo Turukiya kitabashije gukora n’ikiringo iyo ngingo izomara.

Mu ndwi iheze, Turukiya carahagaritse umunyaturukiya akorera ambasade y’Amerika, Metin Topuz kimwagiriza kuvugana n’abo Turukiya yagiriza gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa perezida Recep Tayyip Erdogan mu mwaka uheze.

Mwomenya ko inyuma y’iyo ngingo y’Amerika, Turukiya naco caciye gifata ingingo ihagarika guha visa Abanyamerika bipfuza kuja mur’ico gihugu mu gusubiriza mu ndumane Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG