Uko wahagera

Abarenga 20 Baranyurujwe n'Abarwanya Reta i Beni muri Kongo


Abasirikare ba reta ya Congo, FARDC mu kambi ya gisirikare y'i Nyamilima

Intambara zikomeye zarahuje kur’uyu w’Imana abasirikare ba reta ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo hamwe n’umwe mu mihari irwanira mu buseruko bw’ico gihugu. Uyu muhari ADF wagirizwa n’abategetsi kuba ariwo wanyuruje abanyagihugu baharurwa muri 20 ku musi wa gatandatu.

Ukwo gutana mu mitwe hagati y’abasirikare ba FARDC, n’abarwanyi bagiye hamwe kurwanira demokarasi (ADF) mu ntara ya Béni, kwabereye mu buraruko bw’intara ya Kivu, nkuko vyamenyeshejwe n’umuvugizi wa gisirikare mur’iyo ntara.

Abo barwanyi b’Abayisilamu b’Abaganda ba ADF bari muri Kongo kuva mu mwaka w’1995, bagirizwa na reta hamwe n’inteko za Monusco zegukira ONU ko bakora ubwicanyi bumaze guhitana abantu 700 mur’iyo ntara ya Beni kuva mu kwezi kwa cumi umwaka w’2014.

Musitanteri w’ako karere ka Beni, Amisi Kalonda, yavuze ko ku musi wa gatandatu abo barwanyi b’aba ADF bagavye igitero ku bunguguruza abantu bakoresheje amapikipiki kw’ibarabara riri hagati y’ibisagara vya Kamango na Mbau.

Musitanteri Kalonda avuga ko abantu baharurwa muri mirongo ibiri banyurujwe gushik’ubu ata wuzi ko bishwe canke bagizwe imbohe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG