Uko wahagera

OMS Izacandaga Abanyangladeshi Ibihumbi 900


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS, bigiye kurungika imiti y’urucandago rwa kolera rw’abantu bashika ku bihumbi 900 mu gihugu ca Bangladesh. Ni mu gikogwa co gufasha kugwanya ikiza ca kolera cadukiye mw’ikambi y’impunzi z’abo mubwoko bw’Abarohingya riri ku rubibe ruri hagati ya wa Bangladesh na Myanmar.

Hafi igice c’umuriyoni w’abo mu bwoko bwa Rohingya, umugwi w’inkehwa z’Abasilamu bo muri Myanmar, bariko barajabuka urubibe bahunga igisirikare c’igihugu kiguma kibababuragiza mu bigwati vyabo.

OMS ivuga ko muri Yemeni, ikiza ca kolera giheruka gutikiza inganda, aho candukira abantu barenga ibihumbi 800. OMS ikeka kw’ico gitigiri c’abanduye Kolera gishobora kuduga gushika ku muriyoni umwe mu mpera z’uyu mwaka. Aho ni mugihe bivugwa ko kw’isi yose abantu bashika ku bihumbi ijana, bicwa nikiza ca Kolera ku mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG