Uko wahagera

Abihindura Igitsina Ntibazokingirwa n'Amategeko y'Amerika


Umushinkiranganji w'ubutungane wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Jeff Sessions

Umushikiranganji w'ubutungane wa Reta Zunze ubumwe za Amerika Jeff Sessions amenyesha kw’abantu bahindura igitsina cabo (canke biyumvamwo ibitsina bibiri), batazosubira gukingirwa n’amategeko, abuza kw’abantu bakumirwa hisunzwe igitsina mu buzi bwabo.

Umushingantahe Sessions yarungikiye abacamanza ba reta ya Amerika urwandiko rubisigura. Avuga kw’ivyo atari ingingo ifashwe na reta, ariko ko bisanzwe biri mu mategeko y’igihugu yerekeye uburenganzira bw’umunyagihugu wese, harimwo n’igitsina ciwe.

Iryo tegeko risanzwe rihana ikumira rihagaze ku bwoko, urukoba, idini, igitsina, n’amamuko y’umuntu.

Yamara ukwo Session abibona, biratandukanye n’uburyo iryo tegeko ryasomwa n’ubutegetsi bwa Prezida Obama.

Session asigura ko mur’ iryo tegeko hasanzwe hakingiwe abafise “igitsina”. Bisigura kw’umuntu yavutse ari “umugabo” canke “umugore”.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu biherutse gutangaza umugambi wo kwima uburenganzira bwo kwinjira mu gisirikare ca Amerika, abantu bihinduza ibitsina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG