Uko wahagera

ANC Yegereje Kuzotora Uwuzosubirira Zuma


ANC Uhitamwo Jacob Zuma (I buryo) nk'indongozi yawo i Bloemfontein, Afrika y'epfo, 2012.
ANC Uhitamwo Jacob Zuma (I buryo) nk'indongozi yawo i Bloemfontein, Afrika y'epfo, 2012.

Amatora y’umukuru mushasha w’umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo ni mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Abakandida bahiganirwa ico kibanza ni babiri: Icegera c’umukuru w’igihugu, Cyril Ramaphosa, hamwe n’uwahoze ar’umutambukanyi wa Perezida Jacob Zuma, Nkosazana Dlamini-Zuma, yahoze kandi ar’umushikiranganji ndetse aranarongora umuryango w’ubumwe bw’Afrika.

Umutegetsi mushasha wa ANC azotorwa azosubirira Jacob Zuma asanzwe awurongoye, ikiringo ciwe ca kabiri ari naco ca nyuma kizorangira mu mwaka w’2019.

Mu kwiyamamaza kw'abo bakandida, Ramaphosa ashimikira ku kurwanya ibiturire mu gihe Dlamini-Zuma avuga ko azoha abirabura akaryo ko gushikira ubutunzi bw’igihugu avuga ko bwigaruriwe n’abazungu.

Abakurikiranira hafi ivyo mu mugambwe ANC bavuga ko uwuzotsindira uburongozi bwawo azoba arazwe umugambwe wasubiye inyuma, bitewe n’inyifato za Perezida Zuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG