Uko wahagera

USA: Trump Yahakanye Ko Tillerson Yifuje Gutanga Imihoho


Prezida Donald Trump arabandanya kwiyamiriza amakuru yatangajwe avuga ko Secreteri wa Departement ya Reta, Rex Tillerson yashatse gutanga imihoho, yongera avuga kw’amakuru avuga ko hari icuka kibi hagati ya we na Tillerson, ar’amakuru y’ibinyoma.

Trump yanditse ku kibanza Twitter candikirwako amakuru uyu musi ku wa kane, anebagura inkuru yavuzwe kuri Television yo muri Amerika NBC, ivuga ko Tillerson yahatswe gutanga imihoho mu ntango y’uyu mwaka, inyuma y’amezi atari make yar’aheze hari icuka kibi hagati ya we na President Trump kandi nawe nyene yumva atagishaka kurangura amabanga ajejwe.

Ayo makuru yavuga kw’ikintu catumye adatanga imihoho, cabaye utwigoro twakozwe na Vice President Mike Pence yamuhanuye kudatanga imihoho.

Amakuru yatangajwe na television NBC yavuga kandi ko Tillerson yise President Trump ikijuju gikomeye, igihe c’inama yarimwo abandi bategetsi bakomeye bo mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi Pentagon, mu kwezi kw’indwi.

Igihe ku musi wa gatatu, abamenyeshamakuru babaza umushingantahe Tillerson niba yarigeze yita President Trump ikijuju gikomeye, Tillerson ntiyabihakanye.

Yamara yavuze kw’ata mwanya afise wo kuvuga ibintu biri hasi nk’ivyo, ahubwo aca avuga amajambo meza yo gushimagiza Trump hamwe n’imigambi yiwe yerekeye imigenderanire n’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG