Uko wahagera

Amerika Yemeje Urupfu rw’Abasirikare Bayo Batatu muri Nijeri


Ikarata Nijeri n'ibindi bihugu biyikikije
Ikarata Nijeri n'ibindi bihugu biyikikije

Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika catangaje kw’abasirikare batatu baco bishwe, abandi babiri nabo bagakomereka ejo kumusi wa gatatu. Bishwe bariko baragenduza umutekano bafatanije n’abasirikare ba Nijeri mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu.

Itangazo ryasohowe n’ibiro vya gisirikare ca Amerika bifise icicaro mu ntara ya Afrika, AFRICOM, rivuga ko hari n’uwundi musirikare aturuka mu gihugu gifasha mu gikorwa co gucungera umutekano, yishwe. Ibiro vya AFRICOM bivuga kw’ico gitero cabereye ku birometero 200, mu buraruko bw’umurwa mukuru Niamey, hafi y’urubibe igihugu ca Niger gisangiye n’igihugu ca Mali.

Gushika ubu, abantu bakoze ico gitero kur’abo basirikare bariko baracungera umutekano ntibaramenyekana.

Reta ya Amerika yaragumije igitiri gitoyi c’abasirikare bayo muri Nijeri kuva mu mwaka w’2013.

Abo basirikare bafasha mu gikorwa co kugwanya imirwi ibiri y’intagondwa z’abagwanyi. Umwe, Boko Haram, ucumbitse mu gihugu ca Nijeriya mu gice co mu buseruko, hamwe n’uwundi murwi al-Qaida, ucumbitse mu gihugu ca Alijeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG