Uko wahagera

ONU: Abana 683 Barishwe mu Ntambara muri Yemeni muri 2016


Abagore n'abana biyamiriza abasirikare barongowe na Abariya sawudite ku biro vya ONU i Sanaa muri yemeni, 2015
Abagore n'abana biyamiriza abasirikare barongowe na Abariya sawudite ku biro vya ONU i Sanaa muri yemeni, 2015

Urunani rw’ibihugu mvamakungu birongowe na Arabiya Sawudite vyagiye hamwe mu ntambara yo muri Yemeni, vyashizwe ku rutonde rwirabure rw’ibihugu canke amashirahamwe ahohotera ubuzima bw’abana. Ivyo biri muri raporo isohorwa na ONU ku bana n’intambara buri mwaka.

Iyo raporo yagaragaye kur’uyu wa gatatu igiye guhabwa akanama ka ONU kajejwe umutekano.

Ayo matohoza ya ONU avuga ko mu ntambara yo muri Yemeni, mu bitero vyakozwe mu mwaka w’2016 ku mashure n’amavuriro vyahitanye abana 683.

Abagirizwa ni abasirikare ba reta ya yemeni bafashijwe n’inteko mpuzamakungu, ku rundi ruhande n’abarwanyi bo mu bwoko bw’aba Houti hamwe n’umuhari wa Al-Qaïda.

Mu mwaka wa 2016, Ban Ki-moon yahoze ar’umunyamabanga mukuru wa ONU yarakuye muri raporo y’uwo mwaka Arabiya Sawudite ku rutonde rw’abagirizwa amabi akorerwa abana, inyuma y’aho ico gihugu kivugiye ko kizoca gihagarika intererano giha ONU.

Abaregwa bagirizwa kwinjiza abana mu ntambara, kubica, kubaca ibihimba vy’umubiri, kubanyuruza no kubashurashuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG