Uko wahagera

RDC: Abasirikare ba Reta Barishe aba Mai Mai 8 i Lubero


Abasirikare ba RDC bariko birukana aba Mai Mai mw'ishamba rya Virunga
Abasirikare ba RDC bariko birukana aba Mai Mai mw'ishamba rya Virunga

Abarwanyi 8 b’aba Mai Mai barishwe kur’uyu wa gatatu mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’abasirikare ba FARDC ba reta ya Congo bariko bagerageza kwigarurira akarere ka Lubero ku birometero 300 mu buraruko bwa Goma muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Liyetena Jules Tshikudi, umwe mu bavugizi ba gisirikare mur’iyo ntara, yavuze ko umusirikare umwe wa reta yakomeretse, anasaba kandi abarwanyi b’aba mai Mai gushira ibirwanisho hasi.

Aba Maï-Maï ni imirwi y’abanyagihugu bahawe ibirwanisho na reta ya Congo mu ntambara yabaye hagati y’imyaka ya 1998-2003 kugira barwanye Abaganda n’Abanyarwanda bari bateye ico gihe. Kuva ico gihe hari bamwe batigeze bakwa ivyo birwanisho.

Kuva mu ntango z’uyu mwaka, barongereje ibitero ku birindiro vy’abasirikare ba reta mu ntara z’uburaruko n’ubumanuko bwa Kivu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG