Uko wahagera

Perezida Trump wa USA Agiye Kwunamira Abapfiriye I Las Vegas


Perezida Donald Trump yerekeje i Las Vegas

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump aragendera igisagara ca Las Vegas muri Reta ya Nevada.

Ni mu gihe abajejwe itohoza muri ico gisagara babandanya kugerageza kumenya impamvu umuntu yitwaje ibirwanisho yarashe abantu bari mu giteramo c’umuziki muri ico gisagara ahitana abantu 58.

Perezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru i Washington igihe yar’agiye mu gisagara ca Las Vegas kw’agiye kwunamira abahitanywe n’ico gitero n’uguhura n’abapolisi bakoze akazi gashimishije cane mu gihe gitoyi.

Atangaza kw’ar’umusi ubabaje cane kuriwe. Yavuze kw’uwagize igitero co ku musi w’Imana yamenyekanye kw’izina rya Stephen Paddock, kw’ar’umuntu arwaye mu mutwe.

Umuntu aretse abantu 58 bapfuye mur’ico gitero, abandi barenga 500 barakomeretse.

Umukuru w’igipolisi co mu gisagara ca Las Vegas, Stephen Lombardo, yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa kabiri kw’igipolisi kizomenya impamvu z’uwagize igitero co ku musi w’Imana. Amenyesha kw’amakuru atari make azoba yemenyekanye mu misi mikeyi iri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG