Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika butangaza ko bushigikiye sekreteri wa reta, Rex Tillerson mu twigoro twiwe kwa kidipolomasiya arimwo kugira atorere inyishu ikibazo ca Koreya ya ruguru.
Ivyo vyashikirijwe na Jim Mattis aramutswa ubwo bushikiranganji kur’uyu wa kabiri mu murwi wa sena y’Amerika ishinzwe ivya gisirikare.
Avuga kandi ko igisirikare c’Amerika kibandanya kigavye mu bijanye na gisirikare mu gukingira Amerika n’ibihugu bicuditse.
Mattis yaboneka nk’uwuriko avuga igihushane c’ivyo Perezida Donald Trump yatangaje ku musi w’Imana aho yavuze ko kuganira na Koreya ya ruguru ari ugutakaza umwanya.
Abajijwe kur’ivyo, yavuze ko reta y’Amerika ataho yigeze ivuguruzanya kur’ico kibazo ca Koreya ya ruguru nkuko bamwe bavyiyumvira.
Mattis avuga ko Trump yabategetse hamwe na sekreteri wa reta kubandanya utwigoro twa kidipolomasiya hamwe no gukorana n’Ubushinwa hatibagiwe no kwubahiriza ibihano vyafatiwe ico gihugu.
Facebook Forum