Uko wahagera

Porisi: Icatumye Ubwicanyi I Las Vegas Kizomenyekana


Ahabereye ubwicanyi i Las Vegas.
Ahabereye ubwicanyi i Las Vegas.

Uwurongoye ibiro bijejwe umutekano mu gisagara ca Las Vegas, reta ya Nevada muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, sheriff Joseph Lombardo atangaza ko yizeye ko abariko baratohoza ku bwicanyi kivunga bwabaye ku musi w’Imana mur’ico gisagara bazoteba bamenya icatumye buba.

Abari mu matohoza baracarondera icoba caratumye, umugabo w’imyaka 64, Stephen Paddock, ata bibazo na kimwe mu vy’ukubaho yar’afise, ata kahise kabi mu bugizi bwa nabi, ata vya poritike n’amadini yarimwo vyoba vyamusunitse gukora iryo bara.

Uwo mutegetsi wo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati nta vyinshi yavuze vyerekeye aho amatohoza ageze gushik’ubu, ariko amenyesha ko Paddock yarashe mu kiringo kiri hagati y'iminota 9 na 11 ari mu cumba kiri ku gorofa ya 32 c’Ihoteri yarimwo, imbere yuko yiyica.

Lombardo yavuze kandi ko imbere yo kwica abo bantu, Paddock yarungikiye umugore bari bakundanye, Marilou Danley, ibihumbi 100 vy’amadolari aho ari ubu muri Philippines abicishije mu buryo bwa banki. Ico ayo mahera yar’agamije kiracatohozwa, kubw’ivyo uwo mukunzi wiwe ngo arakenewe vyihuta.

Mwibuke ko ubwo bwicanyi bwahitanye abantu 59 harimwo n’uwo mwicanyi, abandi 527 barakomereka bamwe ibibayabaye abandi bikomeye.

Perezida Donald Trump kur’uyu musi wa gatatu yitezwe i Las Vegas kubonana n’igiporisi caho, abafashije bose mu gutabara kandi ahoze n’imiryango yabuze abayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG