Uko wahagera

Polisi ya Las Vegas Irashakisha Impamvu Abantu 59 Bishwe


Igipolisi mu gisagara ca Las Vegas muri reta ya Nevada, kirabanya gutohoza icatumye umugabo umwe akora ubwicanyi bwa mbere bukabije mu mateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akoresheje ibikoho vy'akataraboneka.

Stephen Paddock umugabo w’imyaka 64 yakoze ico gitero muri Nevada, yarashe amasasu mu bantu barenga ibihumbi mirongo ibiri, ari mu cumba ciwe c’ihotero, cari mw’igorofa ya 32.

Ivyo vyabaye mu gihe kw'ibarabara iyo hoteri iriko, hariko habera ibirori vya vy'isabukuru. Ico gitero cahitanye abantu 59 abandi 527 barakomereka.

Kuri uno musi wa kabiri, Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ati: Uyo mwicanyi yar' umuntu adakomeye neza mu mutwe, ati ndakeka yari afise ibibazo vyinshi.

Ati, turiko turiga neza ubuzima bwiwe, ariko ico tuzi n'uko yari umuntu agwaye cane kandi akaba umuntu atari akomeye neza.

Trump yongeye arashimira inzego z’umutekano zihutiye ibikogwa vyo gutabara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG